biographie en kirundi

Umwigisha Zacharias Tanee Fomum yavutse mu buryo bw’umubiri ku wa 20 Mukakaro 1945, avyarwa na Mpwemu Yera ku wa 13 Ruheshi 1956. Yiyeguriye rwose Umwami Yesu n’igikorwa ciwe ku wa mbere Gitugutu 1966, yuzuzwa Mpwemu Yera ku wa 24 Gitugutu 1970

 

Yari yaronse ikibanza c’agahebuza ku rupapuro rw’umutsindo rwa mbere muri kaminuza, atsindira agashimwe muri Fourah Bay college kuri Kaminuza ya Sierra Leone. Ibikorwa vyiwe vy’ubushakashatsi muri Chimie organique vyamushikanye ku  rupapuro rwo kuba umwigisha wa Kaminuza, aruhabwa na Kaminuza y’i Makerere, i Kampala mu Buganda. Ibikorwa vyiwe vy’ubushakashatsi vyashizwe ahabona biheruka kugaragara ko biruta kure cane ibindi, bimaze gusuzumwa na Kaminuza ya Durham mu Bwongereza, bica bituma aronka ipete ryitwa : “Umwigisha w’abashakashatsi” muri Gitugutu 2005. Mu kazi kiwe k’ukwigisha Chimie muri Kaminuza y’i Yaoundé I, muri Kameruni, Mwarimu  Zacharias Tanee Fomum yarongoye yongera afashanya kurongora iyandikwa ry’ibitabo birenga 100 vy’igice ca mbere n’ica kabiri vy’amashure ya Kaminuza

 

Yafadikanije n’abandi banditsi mu nyandiko zirenga 160 zabonetse bu binyamakuru vy’ubushakashatsi vyamamaye ku rwego mpuzamakungu. Yafata ubushakashatsi  nk’igikorwa c’ukwumvira icagezwe c’Imana co kuja “kuganza isi” (Itanguriro 1:28). Umwigisha Fomum yari azi kandi ko Umwami Yesu Kristo ari Umwami w’Ubuhinga. “Kuko muri we ari ho vyose vyaremewe…” (Ab’i kolosayi 1:16). Yari yaragize Umwami Yesu Umuyobozi w’inzu yiwe y’ubushakashatsi, nawe; Mwarimu Fomum aca afata ikibanza c’icegera c’Umuyobozi. Ukuroranirwa mu vy’ubuhinga abikesha uburongozi bw’Umwami Yesu mw’ihishurirwa.

 

Mu gushaka kumenya Yesu no kuzana amasinzi y’abantu kumumenya, yasomye ibitabu birenga 1300 bivuga ku kwizera rukristo kandi nawe ubwiwe yandika ibitabu bishika 300, kugira ngo yamamaze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo. Imiliyoni zine z’ivyo bitabu vyagwijwe biriko birazunguruka mu ndimi zirenga 40. Imiliyoni 16 z’udupapuro tw’ivugabutumwa yanditse turiko turatembera mu ndimi 17.

 

Umwigisha Zacharias Tanee Fomum yafata amasengesho nk’igikorwa nyamukuru coshobora gukorwa hano kw’isi kubw’Imana n’abantu.  Yari umuntu yizera akizera ko Imana yishura amasengesho. Yaramenye inyishu zirenga 50.000 ku masengesho yiwe yandika. Yarushirizaho gukora ngo amenye Imana kugira ngo ayizane gukora mu kwishura amasengesho yiwe. Yarakoze, we n’abamufasha, ibikorane birenga 57 vy’amasengesho (ibiringo vyo gusenga bingana imisi 40 muriyo amasaha 8 yegurirwa amasengesho buri musi). Barakoze kandi ibiteramo birenga 80 vy’amasengesho (ibiringo vyo gusenga ata kindi gicamwo, biri hagati y’amasaha 24 n’amasaha 120). Yarakoze kandi ingendo zirenga 100 z’amasengesho ziri hagati y’ibirometero 5 na 47 mu bisagara no mu burere bw’isi. Yarigishije ku bijanye n’ugusenga arabishimikako, n’aho yari akiri umunyeshure muri ico gisata gihambaye c’amasengesho.

 

Yafata kandi ukwisonzesha nka kimwe mu birwanisha bikomeye cane mu rugamba rukristo rw’impwemu. Yarakoze ukwisonzesha kurenga 250 kungana n’imisi iri hagati y’itatu na mirongo ine, anywa amazi gusa. Hamwe hamwe mu kwisonzesha kwiwe kurekure, yarafata ama vitamine  ashongera mu mazi. Umwami aheruka guhamagara vuba Umwigisha kurwanya inteko z’umwansi zo mu bibanza vyo hejuru biciye mu kwisonzesha kurekure gose (kuva ku misi 52 gushika kuri 80 yuzuye). Mu kwumvira uwo muhamagaro, yarakoze ukwisonzesha kurekure cane incuro zitatu.

 

Umwigisha Zacharias Tanee Fomum yari yarabonye akamaro ko kuziganya amahera no kuyakoresha mu ntumbero yo gushikira abazimiye biciye mu Butumwa bwiza bw’Umwami wacu Yesu Kristo. Yahisemwo rero kubaho ubuzima bubayabaye kandi bw’ubukene yishizeko, kugira ngo uburyo binjiza bushirwe mu gikorwa gihambaye c’ivugabutumwa, co kunyaga imitima, gushinga amashengero no gutunganya abera. We n’umufasha wiwe barateye imbere gushika aho bashira mw’ivugabutumwa ibice 92,5 kw’ijana vy’amahera yabo yinjira biciye mu nzira zose (imishahara, agafashanyo, ayo mu nzandiko, n’utuganuke tw’amafaranga ). Ivyo hari mu cizere ko niyaba ariko arakura mu kumenya, mu rukundo afitiye Umwami, mu rukundo rw’abazimiye, azotanga ibice 99% vy’amahera yinjiza mw’ivugabutumwa.

 

Mu myaka mirongo ine iheze, uyo Murungozi mu buryo bw’impwemu yamarana n’Imana hagati y’iminota 15 n’amasaha 6 ku musi muvyo yita uguhura n’Imana Kuzima kwa buri musi. Muri ivyo bihe, yarasomye ijambo ry’Imana, yararimbuye, arumviriza ijwi ry’Imana, arumva Imana imuvugisha, yaranditse ivyo Imana yariko iramubwira kandi arasenga. Vyose hamwe, yagize uguhura n’Imana  kwa buri musi kurenga 18000 kandi kwanditse. Yafata ukwo guhura n’Imana kwa buri musi biciye mw’Ijambo, nk’ikomezi zigenga ubuzima bwiwe. Kuri ukwo guhura n’Imana kwa buri musi, yari yongeyeko ibihe birenga 60 vy’ukwiherera kugira ngo arondere Imana ari wenyene, mu biringo biri hagati y’imisi 3 na 21 (ivyo yise Ukwiherera kubw’ugutera imbere mu buryo bw’Impwemu), kwagiye kurahindura Umwigisha Z.T Fomum mu muntu, ubwa mbere, yari ashonje Imana, hanyuma, aba uwushonje kandi anyotewe Imana, mu kwizera ko azobandanya kuba umuntu abandanya agira inzara n’inyota vy’Imana kandi azohuzagizwa inyuma y’Imana. “Oooh ese nobandanya ndonka cane Imana.” Ako niko kamo kama mu mutima wiwe.

 

Umuvugabutumwa kandi akaba umubwiriza w’umwete, yaratembereye mu buryo bwiyaguye. Yarakoze, uhereye ku cicaro ciwe ari co Yaoundé, ingendo zirenga 700 z’ivugabutumwa hagati mu gihugu muri Kameruni, ingendo z’ibiringo biri hagati y’umusi umwe n’indwi zitatu. Yarakoze kandi ingendo z’ivugabutumwa zirenga 500  z’ibiringo biri hagati y’imisi 2 n’indwi 6 mu bihugu birenga 70 vy’imigabane yose uko ari 6.

 

Umwigisha Fomum yari umurongozi w’Umurwi watanguje Umuryango Gikristo w’Ivugabutumwa kw’isi, umurwi w’ivugabutumwa, wo kunyaga imitima, wo gushinga amashengero no gutegura abigishwa kandi ufise abamisyonari be n’amashengero mu bihugu birenga 50 mw’isi no mu migabane 6 yose.

 

Kumwe n’umurwi wiwe, Umwigisha yarabonye ibitangaza birenga 10000 vy’ugukira vyakozwe n’Umwami mu kwishura kw’isengesho mw’izina rya Yesu Kristo. Ivyo bitangaza vyahera ku kuzimangana kw’ukumeneka umutwe gushika ku kuzimangana kwa kanseri, abantu bari baranduye umugera wa sida bahinduka abatawigeze, impuvyi zasubira kubona, ibipfamatwi bikumva, abatavuga bakavuga, ibimuga vyaratambuka, abarwaye amadayimoni bakabohoka, amenyo mashasha be n’ibihimba bishasha bikaza.

 

Uyo serugo yari yubakanye na Prisca Zei Fokam kandi n’abana babo indwi bariyeguriye kumwe nabo igikorwa c’Ivugabutumwa. Umupfasoni wiwe, Prisca, ajejwe igikorwa c’abana mu gihugu no kw’isi yose. Akora uko ashoboye mu kunyaga abana hamwe n’igikorwa co kubagira abigishwa b’Umwami Yesu Kristo. Yariyeguriye kandi igikorwa co gukwiragiza intumbero y’Igikorwa c’abana, guhagurutsa no kwubaka abakora igikorwa c’abana.

 

Umwigisha Zacharias Tanee Fomum ko ico yarari cose, hamwe n’ivyo Umwami yari yakoze muri we kandi biciye muri wem yabikesha ubuntu n’imigisha atabereye y’Uhoraho Imana Mushobora Vyose. Yabikesha kandi igisirikare ciwe co kw’isi c’abagenzi n’abafatanya gikorwa batanze batiziganya urukundo rwabo, ukumufata mu mugongo, ukwisonzesha kwabo, amasengesho yabo, impano zabo hamwe n’ubufasha bwabo kuri we hamwe no mu gikorwa cabo muri rusangi. Ata buntu n’imigisha atabereye iva k’Uhoraho Imana Mushobora Vyose hamwe n’intererano z’abagenzi biwe n’abafatanya gikorwa, ntaci yobaye ari kandi ntaco yokoze na mba.

 

Icubahiro cose kibe ic’Umwami!